Umukinnyi w'Umufaransa Benoît Badiashile usanzwe akinira ikipe ya Chelsea, ibarizwa muri shamiyona y'Ubwongereza Premier League agiye kubura mu kibuga kugeza mu Ukuboza 2025 nyuma yo kugira imvune y'imitsi (muscle injury). Uyu myugariro w'imyaka 24 y'amavuko yari amaze iminsi yigaragaza mu buryo bwo gukina neza, ariko imvune ntiyamukundiye, doreko yahise isubizwa inyuma muri gahunda z'ikipe ya Chelsea nyuma yo kugira imvune.
Umutoza wa Chelsea, Enzo Maresca, yemeje kandi ko abandi bakinnyi barimo Pedro Neto, Moisés Caicedo na Enzo Fernández bose bafite ibibazo by'imvune bituma kuba bakina mu mpera z'iki cyumweru bitarabonerwa gihamya.
Ikipe ya Chelsea ikomeje kugeragezwa n'imvune ku bakinnyi bayo basanzwe babanza mu kibuga. Gushaka ibisubizo hagati mu kibuga no mu bwugarizi ni bimwe mu bisubizo byatuma ikipe ya Chelsea ikomeza guhatana n'amakipe atandukanye kandi akomeye ku mugabane w'Iburayi.
Mu gihe umutoza Maresca yifuza ko abakinnyi be bakira vuba kugira ngo ikipe ikomeze urugendo rwayo muri Premier League idatezuka ku ntego zayo.

Â
Source : https://kasukumedia.com/hatagize-igihinduka-badiashile-agomba-kugaruka-mu-kibuga-mu-kuboza-2025/