Imiti y'inkorora yakorewe mu Buhinde iracyekwaho kwica abana #rwanda #RwOT

webrwanda
0

Ishami ry'umuryango w'abibumbye ryita ku buzima OMS ryatangaje ko hari ubwoko bune bw'imiti y'inkorora bushobora kuba bufitanye isano n'impfu z'abana 66 mu gihugu cya Gambia.

WHO/OMS iragabisha amakungu ku bwoko bune bw'imiti y'inkorora inyuma y'aho ivugiye ko ishobora kuba ifitaniye isano n'impfu z'abana 66 mu gihugu ca Gambia.

OMS yongerako ko iyo miti yakozwe na pharmacie yo mu Buhinde, yitwa Maiden Pharmaceuticals, ikaba itarashoboye gutanga ibyemeza ko uwo muti umeze neza.

Iyo pharmacie ntacyo iratangaza ku bivugwa.

Abategetsi b'Ubuhinde bavuga ko basabye OMS kwerekana ibyemezo by'isano hagati y'uwo muti hamwe n'izo mpfu.

OMS ivuga ko iyo miti ari Promethazine Oral Solution, Kofexmalin Baby Cough Syrup, Makoff Baby Cough Syrup na Magrip na Cold Syrup.

Itangazo rya OMS rivuga ko iyo miti uko ari ine iboneka muri Gambia, ariko 'ishobora kuba igurishwa ku masoko atazwi, mu bindi bihugu cyangwa uturere'.

Iryo shirahamwe rivuga ko ikoreshwa ryayo rishobora gutuma haba ugukomereka gukomeye cyangwa urupfu, by'umwihariko ku bana.

OMS itangaje ibi nyuma y'uko abategetsi bo mu rwego rw'ubuzima muri Gambia baboneye ukwiyongera kw'ibikomere ku bihaha by'abana bari musi y'imyaka itanu mu mpera z'ukwezi kwa karindwi.

Reta ya Gambia yahise ihagarika ikoreshwa ry'imiti yose y'amazi irimwo paracetamol ica ihamagarira abantu gukoresha ibinini mu kimbo cyayo.

OMS ivuga ko ibipimo by'iyo miti 'byemeje ko harimo urugero ruhanitse rw'imisemburo ya diethylene glycol na ethylene itera indwara.

Iyo misemburo ni ubumara, ingaruka zayo 'harimo kubabara mu kaziba k'inda, kuyogwa, gucibwamwo, kunanirwa gusohora umwuka, kumeneka umutwe, guhungabana mu mutwe n'ibikomere ku mpyiko bishobora gutuma umuntu apfa.'

OMS yavuze ko isesengura rya laboratwari ry'umushongi uvura inkorora wakozwe na Maiden, ryemeje ko urimo ibipimo bitemewe bishobora kuba ubumara mu mubiri kandi bikaba byakwangiza imbyiko. Abayobozi babiri muri minisiteri y'ubuzima mu Buhinde, bavuze ko ibihugu bitumizayo imiti, bibanza kuyisuzuma mbere yo kwemera ko ikoreshwa.

@BBC 

 

The post Imiti y'inkorora yakorewe mu Buhinde iracyekwaho kwica abana appeared first on IRIBA NEWS.



Source : https://iribanews.rw/2022/10/06/imiti-yinkorora-yakorewe-mu-buhinde-iracyekwaho-kwica-abana/

Post a Comment

0Comments

Post a Comment (0)